Turi ba nde ?

Igisata c’Ubutungane n’Amahoro, cashinzwe n’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi, kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro 1999. Kubw’abo bungere, Ico gisata ni ijisho ribwirizwa kudakubita urugohe mu gihugu, turavye ibibazo bibahanze : aha twovuga nk’ikibazo c’ubutungane mu mibano, akarenganyo, ukutubahiriza uburenganzira bwa zina muntu, ukutitaho ineza ya bose, ikibazo c’intwaro rusangi, ic’ugutsimbataza amahoro n’iterambere.
Kubera ko ico gisata cishingiwe n’Ekleziya, gihamagariwe kwiyumvira nka yo no kuyiha mu bikenewe ko ifatako ingingo. Ico gisata kandi, nico Ekleziya yikorako mu butumwa bw’uguteza imbere ubutungane n’amahoro hisunzwe akarangamutima k’Inkuru Nziza y’Urukiza n’akarangamutima ngenderwako k’Inyigisho y’Ekleziya mu vy’Imibano, ubutunzi na politike.
Igisata c’Ubutungane n’Amahoro ni urwego rujejwe kwiga no kwiyumvira, rumurikiwe n’indinganizo y’ubutumwa gihabwa n’abwungere b’Ekleziya ‘i Burundi be n’Igisata c’i Roma kijejwe iterambere rya zina muntu mu mpande zose zerekeye ubuzima bwiwe.
Igisata c’Ubutungange n’Amahoro ni urunani rugizwe n’abava mu madiyoseze katolika y’i Burundi (nkuko ari 8 : Bubanza, Bujumbura, Bururi, Gitega, Muyinga, Ngozi, Rutana na Ruyigi). Urwo runani rurimwo abasaserdoti, abihebeyimana n’abalayike.
Igisata c’Ubutungane n’Amahoro gitunganijwe nkuko Ekleziya Katolika isanzwe yitunganya. Ni co gituma y’ibiro bikuru, dusanga ibisata vy’ubutungane n’amahoro ku rwego rwa diyoseze yose, rw’iparuwasi yose, ku mashure y’itabariro gushika no ku rwego rw’Imibano Rukristu.
Giciye kuri izo nzego zose, Igisata c’Ubutungane n’Amahoro kirashobora kubera impande zose z’ubuzima bw’igihugu umukabuzi w’ iterambere ryuzuye rishimikiye ku mahoro, ku butungane no ku kunywanisha abantu.

ABATERANTEGE MU BUHINGA NO MU BURYO

Twandikire

Commission Épiscopale Justice et Paix
C.E.J.P BURUNDI

Bulding de la Coordination des Mouvements d'Action Catholique -Rue de la Mission
BP: 7074 BUJUMBURA BURUNDI
TEL: +257 24 3126
Fax: +257 24 7704
Email: cejp@cejp.bi
Site web: cejp.b

Suivez-nous sur:

Ibisata bikorerwamwo

  • Intwaro ibereye
  • Ubwiyumvanemwo mu gihugu
  • Inyigisho y’Ekleziya mu vy’imibano
  • Iterambere rirama
  • Ugukiranura kahise kababaje
  • Uburongozi
  • Ihonyangabuzima rishimikira ku gitsina
  • Ukuri n’ugusubiza hamwe
  • Indero iramurira amahoro

Urunani CEJP mu Masanamu

Back to Top