KAHISE K’IGISATA C’INAMA Y’ABEPISKOPI KATOLIKA KIJEJWE UBUTUNGANE N’AMAHORO

Kirundi

Kuva Uburundi bwikukiye mu 1962, bwagiye buraca mu bihe vy’uruhagarara rufatiye ku vy’amoko na politike. Mu myaka y’1965, 1969, 1972, 1988, 1991, ubwicanyi bufatiye ku moko bwaratikije inganda, buratitura ireme ry’igihugu, burankanisha abantu mu gihugu cose, butuma iterambere mu vy’imibano n’ubutunzi bisubira inyuma nk’ibirenge.

Kuva mu 1991, Uburundi bwarafashe ingingo y’ukwinjira mu ntwaro ya demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi. Iyo ngendo y’intwaro rusangi yarahaye agateka igihugu, igihe abenegihugu bitoreye, ubwa mbere, umukuru w’igihugu atari umusirikare mu mwaka w’1993.

Mugabo kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 1993, uwo mukuru w’igihugu yari yatowe biciye mw’ihiganwa ry’imigambwe myinshi, yaciye agandagurwa n’akagwi k’abasirikare, ata n’amezi atatu ahaciye ashikirijwe intahe y’ukurongora igihugu, noneho Abarundi baca basubira muri rya shano ry’ubwicanyi bufatiye ku vy’amoko.

Mu mwaka w’1998, abantu baserukira imigwi itandukanye yari mu mishamirano, yarahavuye iremera kwicarana n’ukuganira. Abantu bakunda Uburundi, baba abaje bava hanze canke abasanzwe bari mu gihugu, baragiye mu biganiro vyahavuye bivyara amasezerano y’i Arusha mu mwaka wa 2000. Ayo masezerano yaratumye Uburundi butera intambwe ihambaye mu gusubira kubana neza no kuremesha amahoro.
Kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro 1999, Inama y’Abepiskopi Katolika y’i Burundi igisata kijejwe ubutumwa bw’ubutungane n’amahoro, kugira ngo gifashe mu gutsimbataza amahoro avyawe n’ubutungane.

Mu myaka 20 ico gisata c’ubutungane n’amahoro kimaze gishinzwe ku rwego rw’igihugu, carerekanye ko ari mudakumirwa mw’ikenyurwa ry’ibibazo vya politike n’imibano. Kirahangara ibibazo bijanye n’ubutungane n’amahoro, agateka ka zina muntu, ugusubiza hamwe n’ukurekuriranira, intwaro ibereye, igitsina, ugukiranura ivyakomerekeje umuntu muri kahise, n’ibindi.

Mu butumwa ico gisata gishinzwe, imitego n’ibigora ntibibura, ariko abagize urunani rw’ubutungane n’amahoro ntibahengeshanya kwitanga kugira ngo Uburundi burushirizeho gutera intambwe mu kwigobotora amananiza buba burimwo.

ABATERANTEGE MU BUHINGA NO MU BURYO

Twandikire

Commission Épiscopale Justice et Paix
C.E.J.P BURUNDI

Bulding de la Coordination des Mouvements d'Action Catholique -Rue de la Mission
BP: 7074 BUJUMBURA BURUNDI
TEL: +257 24 3126
Fax: +257 24 7704
Email: cejp@cejp.bi
Site web: cejp.b

Suivez-nous sur:

Ibisata bikorerwamwo

  • Intwaro ibereye
  • Ubwiyumvanemwo mu gihugu
  • Inyigisho y’Ekleziya mu vy’imibano
  • Iterambere rirama
  • Ugukiranura kahise kababaje
  • Uburongozi
  • Ihonyangabuzima rishimikira ku gitsina
  • Ukuri n’ugusubiza hamwe
  • Indero iramurira amahoro

Urunani CEJP mu Masanamu

Back to Top