Abakenyezi bafise uruhara rudasanzwe mu guharanira amahoro

 

Igenekerezo rya 8 Ntwarante uko umwaka utashe, kw’isi yose harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi. Ku rwego rw’igihugu c’Uburundi, umusi mukuru nyezina wahimbajwe ku wa 9 Ntwarante 2020  ku murwa mukuru wa Politike i Gitega. Nk’uko bimenyerewe, abakenyezi bose ntibashobora guhimbariza hamwe uwo musi mukuru.

Nico gituma ibisata bitandukanye vy’ubuzi, baba abakorera Reta canke abigenga baheza bakitunganya kugira ngo ntihagire igisata na kimwe kidahimbaza uwo musi mukuru, ufatwa nk’uburenganzira ku mukenyezi wese.

 Abakenyezi  bakorera mu gisata c’ubutungane n’amahoro cegukira inama y’Abepiskopi Katolika y’Uburundi, nabo nyene ntibasigaye inyuma mu kwifatanya n’abandi bakenyezi bo kw’isi yose. Hari ku muhingamo w’uwa 9 Ntwarante 2020 aho bagiye hamwe, bakiginana, bahimbawe.

 

Amahoro ni urugamba kuri twese

Igisata c’ubutungane n’amahoro ku rwego rw’Inama Nkuru y’Abepiskopi Katolika  (CEJP) gisanzwe gishinzwe ahanini guharanira ubutungane kuri bose no gutsimbataza amahoro. Ni muri iyo ntumbero, mu guhimbaza uwo musi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi bashize imbere icivugo : «Amahoro si icamwa c’iterabwoba canke c’ubwoba. Amahoro si agacerere ko  mu ntatemwa. Amahoro  ni intererano ya  zina muntu wese, itanganywe akanyamuneza n’ituze ku neza ya bose. Amahoro ni guhozako».

Bafatiye kuri ayo majambo y’Umweranda Musenyeri Oscar Romero, Umwepiskopi wa Diyoseze nkuru ya San Salvador yo mu gihugu ca Salvador muri Amerika barakijanisha n’igicapo gisiguro ico c’ivugo.

Patiri Karorero Charles, Umunyamabanga nshingwabikorwa w’igisata c’ubutungane n’amahoro ku rwego rw’Inama Nkuru y’Abepiskopi Katolika (CEJP) mu Burundi, yarashimiye abateguye iki gikorwa. Afatiye ku civugo c’uwo musi n’igicapo kijanye n’ico civugo yavuze ko ari nkenerwa kuri CEJP.  Yishimikije ishushanyo yerekana igiti kiriko ivyamwa, haboneka ku ruhande rumwe  abantu bagomba kwamura ivyamwa muga bakabikora um’umwe ukwiwe ku rundi ruhande hakaboneka abantu bagomba kwamura ivyamwa muga bagiye hamwe mu gufashanya.

 

 

 

 

 

Mw’ijambo ryiwe,  umupfasoni Sandra Kafui Afanou wa AGIAMONDO akorana n’igisata c’ubutungane n’amahoro ku rwego rw’Inama Nkuru y’Abepiskopi Katolika (CEJP) mu Burundi  yagarutse kuri ico civugo bashize imbere muri ico gisata, ati: « Amahoro ni urugamba rwa twese. Nta wokwigira sindabibazwa».

 

Yashimangiye kw’ijambo ry’ Umunyamabanga nshingwabikorwa, mukuvuga ko abariko baramura bafashanya harimwo abagabo n’abagore.

 

Akanyamuneza karyoha gasangiwe.

 Uwo musi mukuru uhimbajwe ubwa kabiri mu gisata c’ubutungane n’amahoro ku rwego rw’Inama Nkuru y’Abepiskopi Katolika (CEJP) mu Burundi, vyatanguye mu mwaka uheze wi 2019 aho wahimbajwe nabo muri ico gisata gusa. Muri uwu mwaka twifadikanije n’abandi bakorera mu bindi bisata vy’ubutumwa bw’Ekeziya Katolika bisanzwe biri mu nyubakwa z’ihuriro ry’ivyo bisata (Maison de Coordination) aho benshi bakunze kwita muri Ndongozi. 

 No kuri abo bandi bakenyezi, akanyamuneza kari kose, barashimiye CEJP, mbere bagasaba yuko mu myaka iri imbere uwo musi mukuru wotegurwa hakiri kare n’ibindi bisata bigaterera mw’itunganywa ryawo. Twarangije umusi mukuru dufungura twongera dutamba vyari bihimbaye cane!

 

 

 

 

Parternaires: 

PARTENAIRES TECHNIQUE & FINANCIERS

Contactez-nous !

Commission Épiscopale Justice et Paix
C.E.J.P BURUNDI

Bulding de la Coordination des Mouvements d'Action Catholique -Rue de la Mission
BP: 7074 BUJUMBURA BURUNDI
TEL: +257 24 3126
Fax: +257 24 7704
Email: cejp@cejp.bi
Site web: cejp.b

Suivez-nous sur:

Domaines d’intervention

  • Bonne gouvernance
  • Cohésion sociale
  • Doctrine Sociale de l’église
  • Développement durable
  • Gestion des Mémoires
  • Leadership
  • Violences basées sur le genre
  • Vérité et réconciliation
  • Éducation à la Paix

RÉSEAU CEJP EN IMAGES

Back to Top